GOSPEL:AHO ADORA UWIMANA AGEJEJE IBIKORWA VY'UMUZIKI



 

ADORA UWIMANA n’umwe mu bigeme bariko bagenda batera imbere cane mu Gospel aha mu Burundi.Adora akaba yatanguye kuririmba akiri muto cane gose akaba yatanguye kuririmba mw’ishengero yakuriyemwo rya FECABU mw’ishure ry’abana bita Sunday school maze iyo ngabire yiwe yo kuririmba akaba ariho yatanguye kumenyekana.Adora akaba yatumenyesheje ko n’abavyeyi biwe nabone baririmba,ikindi nuko Adora ar’umwana wumu pasteur.Bimwe mu vyo abavyeyi biwe bakundishije akiri muto n’ugusoma bibiliya kimwe mu gitabo yakunda gusoma akaba yar ZABURI.Ico gitabo kikaba caramugiriye akamaro cane kuko ngo zaburi 16 akaba a’riyo ndirimbo ya mbere yashoboye gukora akaba yayikoze ari m‘uwa kabiri muri primaire.
Muri 2007 ngo har’umuntu yaje amubwira ko yatumwe n’IMANA kugira amubwire ngene akwiye gukora ndetse naho azoca kugira aronke amahera yo kuja  muri studio.Ngw’ivyo navyo yarabigendeye ndetse akaba yararonse ayo mafaranga bitamugoye cane gose akaba ngo yayahawe nabo muri famille. 
                        
                                    JOYEUX-BLAISE NTABAREHA UMWE MUBAMUBAYE HAFI
Bamwe mu bamubaye hafi muri chorale bakaba barashatse ko atera aja imbere cane aho bamuteye intege kugira aje mwihiganwa ryitwa SINGE HALLELUYA.Ariko kubwiwe yaguma yikengera kuko yabona ko ataho azoshika kuko yarakiri mushasha ariko ngo yaratsinze ubwoba atanga ururirimbo rwiwe rwitwa NAHIMBAZWE.Maze Imana ikaba yaciye imwereka ko ashoboye akaba yabaye uwa gatatu ndetse akaba ariho yaciye atangura kumenyekene ku bantu benshi ndetse umwe mubari ngaho bariko bafata amasanamu akaba yaciye amurondera kugira bamufashe mu bijanye n’umuziki uwo nawe abenshi bakaba bamuzi hano mu gihugu cacu akaba ari EDDY MUNYANEZA.

                              
                                     AGASHIMWE YARONSE ABAYE UWA GATATU
        
                                                 EDDY MUNYANEZA
Eddy akaba ariwe yamuhuje na MENYA MEDIA aho baciye bakorana numu producteur wo ngaho muri studio.Iyo nayo ikaba ariyo yamukoreye album yiwe igizwe n’indirimbo 7 akaba agiye kuyishira ahabona vuba cane aho naho akaba ari itariki 5/7/2013.Mwomenya yuko iyo album  itamworoheye cane kuyikora akaba yayitanguye muri 2011 ikaba iheze ubu muri 2013 bimwe mivyagiye bimugora akaba ngo ar umwanya waba producteur,kuronka aba musiciens ndetse ngo n’uburyo bwaramugoye cane ari nko kuguruza abaririmvyi bamufasha.Ariko aho hose ngo Imana yagiye imuba hafi haboneke uwitanga kuza abatahana akaba ari YVES SHAKA.
  
                                                       YVES SHAKA
Adora akaba afise umurwi utamba intambo zigezweho uwo nawo akaba awishimira akaba yatumenyesheje ko uwo murwi ufasha n’abandi bose atari Adora gusa.
 
Mwomenya ko Album yiwe izoba ari DVD amasanamu akaba ariko akorwa na LANDRY MUGISHA uwo nawe akaba amushimira cane ingene yagiye amuha ivyiyumviro ingene akwiye gukora. 
                                
                           
                                               LANDRY MUGISHA
Ndetse akaba ashimira cane na JIJI SEVEN ingene bakoranye mu muziki.
          
Tukaba tumwifurije gutera imbere cane kuko bigaragara ko ashoboye nubwo abigeme benshi basa nkaho bikengere ngo ntibashoboye.



Comments

Popular Posts