MICHOU ARABICA BIGACIKA MURI CANADA



Burya abarundi baduciriye umugani mu kirundi ngo nta mwuga udakiza atari ukuroga gusa, umuririmvyi KIDUMU nawe ngo ntukaryamike ingabire yawe ariko ngo niwiruke urane ko iyo ngabire yawe ikuviramwo ubuzima.  Umushingantahe MICHOU bakunze kwita MICHOU le comedien, uno musi akaba atri hano mu gihugu cacu nkuko mwari mwaravyumvise abandi nabo mukabisoma ku mbuga. uno musi aho ari mu guhugu ca CANADA akaba akorera mu ma CLUB ya COMEDIE hamwe n’abandi babikora babigize umwuga.
ahari rero ngo ntiyicaye kuko ngo ibikorwa aguma akora biguma bishimwa cane gose, nkuko yabitumenyesheje ngo ariko aritegurira igiteramo aho muri CANADA nyene aho bita I MONTREAL akaba ari kimwe mu bisagara vyo mu gihugu ca CANADA gisanzwe gifise abarundi benshi ico giteramo naco kikazoba muri uku kwezi kw’icumi. aho momenya ko yaheruka gukora ikindi aho aho muri OTTAWA itariki 30/06, aho hitabiriye abantu batari bake kandi atari abarundi gusa ariko n’abanyamahanga bari bitabiriye ico giteramo. tubibutse ko akiri i BURUNDI yarafise ikiganiro bise CUKUCUKU yakorera kw’i radio RPA ijwi ry’abanyagihugu yumvikanira ku murongo wa FM MHZ 93.7 canke 107.1


Comments

Popular Posts