Amakuru y'umurwi Oneheart worshipteam


Umurwi Oneheart worshipteam watanguye muri 2004 akaba ar'umurwi uririmba indirimbo zo guhimbaza no gutazira Imana.Ukaba watangujwe n'imisore itatu mu  ntumbero yo kwamamaza ubutumwa bwiza mu mahanga ariko ubu bakaba bashika kuri cumi .Bakaba bamaze gukora indirimbo zitatu ndetse zikaba zifise n'amasanamu mu ndirimbo cumi zigize album yabo bagiye gushira ku mugaragaro vuba cane.Bamaze kwandika indimbo nyinshi kandi bakaba bizera yuko hazogera igihe abantu bose bakazumva kuko iyo bizera ariyo izobashoboza kubishikako.Imigambi bafise akaba ari kubona urwaruka rwose rukoraniye hamwe atakwinubana canke muvya macakubiri ndetse ngo ruhagaze vy'ukuri mu mana ndetse ngo no gutanga ico bahawe kuri bose ico naco ngo sikindi n'agakiza bahawe k'ubuntu.Aho mwomenya yuko baririmba mu ndimi zitandukanye kugira ng'ubutumwa burimwo bushikire bose.                                              Abo akaba ari bamwe mu bagize uwo murwi


Comments

Popular Posts