IGITERAMO CO GUSEZERA ABAKUNZI BIWE

Nyuma yo kuba yakoze igiteramo aho yashira ahabona album yiwe yise NTACO NZOBA umuririmvyi akunzwe cane hano mu gihugu cacu ariwe Fortran BIGIRIMANA  hamwe n'umugwi basanzwe bakorana babateguriye igiteramo co kubasezera kuko nagiye kumara umwaka atari ngaha mu gihugu cacu.
                        
Ico giteramo kikaba kiri mu ntumbero yo kwerekana indirimbo ziri mur iyo album.Aho mwomenya ko iyo album yafashe umwanya utari muto kuko ishobore kuja ahabona.Mur iyo album yiwe twobamenyesha yuko harimwo indirimbo nyinshi yagiye akorana nabandi baririrmvyi bo hanze(Kigali,Dakar,Nairobi).Ni mur'iyo mpamvu yuko aja muri Dakar aho agiye kumara umwaka wose ataboneke ngaha mu gihugu cacu yifuje kubasezera n'igiteramo aho hakaba hitezwe abatumire badasanzwe bazoza mur'ico giteramo ariko gushika ubu tukaba tutarabamenya.http://akeza.net/wp-content/uploads/2013/08/Article1.jpg

Tubamenyeshe yuko ico giteramo kizobera ahahoze hitwa odeon palace igenekerezo rya 8/09/2013 kikaba kizotangura 17h mukamenya yuko kwinjira ar'amafaranga ibihumbi bitanu.Ama ticket akaba azotangura kugurishwa indwi imbere y'uko ico giteramo kigera.Ikindi mwomenya nuko indirimbo abenshi batanguye kuzimya aho mbere abakumzi biwe bazomufasha kuririmba mur'uyo mwanya w'igiteramo.

Comments

Popular Posts