ALIDA UMWIGEME MUSHASHA MU MUZIKI W'UBURUNDI


Alida Baranyizigiye n'umwe bigeme babarundi bariko bakora ibishimwa cane mu muziki wo mu Burundi.Akaba aba mu gihugu kibanyi cu Rwanda.


Alida akaba yaramaze igihe kitari gito ari ngaha mu Burundi akaba yari yaje muri ryahiganwa ryategurwa n'ishirahamwe Brarudi biciye mu kinyobwa Primus bitiriye Primusic.Aho mwomenya ko yari muri wa mugwi warujejwe gutanga amanota(jury) ndetse niwe mwigeme wenyene yari muruwo mugwi.
Alida akaba yaratanze ikiganiro kubamenyeshamakuru abamenyesha yuko igihe yamaze ataboneka agiye kucishura n'ibikorwa vyiza agiye kwereka abarundi.
Alida akaba amaze gukora indirimbo zitari nke n'izindi zigiye gukorwa vuba akoranye n'abaririmvyi bakomeye baha iwacu nka gikundiro ariwe BIG FIZZO hamwe n'izo azokorera muri Afrika y'Ubuseruko,aho mwomenya yuko har'indirimbo yakoranye na SAT-B mu gihugu c'ubuganda mu minsi iheze.
Abantu benshi mwotangura mwumvise umwete uwo mwigeme afise muvyo ariko arakora twobamenyesha yuko uwo muririmvyi atari mushasha mu muziki kuko yabitanguye kera aririmba mu migwi uririmba mw'isengero(choral).Bimwe muvyo akora mu muziki arafasha mu guterera ijwi ryiwe mu ndirimbo z'abandi ndetse no kuba mu biteramo bikomeye hamwe n'abandi baririmvyi.
Alida yatumenyesheje yuko ashoboye kuririmba indirimbo mu midiho itandukanye ishobora kuryohera abato,abakuru ndetse n'abasaza ndetse akaba aririmba mu ndimi zitandukanye twovuga ikirundi,ikinyarwanda,icongereza n'igiswahili ngo hose arashoboye.
Alida akaba yarangije ico kiganiro yuko yashimye gutangariza mu gihugu c'amavuka yuko agiye guhagurukira umuziki nubwo abagime benshi batabikora akaba yashimiye abamenyeshamakuru ingene bitanga cane mu kumenyekanisha ibikorwa vy'abaririmvyi b'abarundi ivyo akaba yabibonye mu minsi bakoranye muri Primusic.

Comments

Popular Posts