BIG FIZZO NTAKIRI MU BURUNDI YARAMAZE GUSUBIRA MU BUFARANSA

Big Fizzo nkuko vyagaragaye ku munsi wa final ya Primusic uwo muririmvyi ni gikundiro koko aha mu gihugu cacu ndetse aracari uwa mbere mu gukundwa aha mu Burundi mu muziki wiwe.Big Fizzo akaba yashimye kugenda asize agakemanyi ku bakunzi biwe.
BIG FIZZO ubu abarizwa mu gihugu c'ubufaransa aho asanzwe atuye n'umuryango wiwe.Akaba yagiye nyuma yaho yari yaje gufasha muri rya gihanwa ryatunganywa na Brarudi ariryo Primusic biciye mu kinyobwa Primus.
Ako gakemanyi kagizwe n'indirimbo zitatu ariko imwe murizo niyo imaze gusohoka ikaba yakunzwe cane mu mwanya muto imaze gusohoka ikaba yitwa Mapenzi ikaba yakorewe kwa Liser classic.

Bigaragara yuko Big fizzo yabigize umugenzo kuza arasigira agakemanyi abakunzi biwe imbere yuko asubira inyuma ako kakaba kaje gakwirikira ako yari yasize igihe yaheruka muri Primusi ya 2012 kari kagizwe n'indirimbo zakunzwe cane arizo Bajou;Ndakumisinze;Nakulove

Comments

Popular Posts