FORTHRAN : ''Jewe n'inzu yanje tuzokorera Imana''

Fortran Bigirimana asanzwe azwi cane hano mu gihugu cacu cu Burundi yuko aririmba indirimbo zo guhimbaza no gutazira Imana.
Fortran afise umwigeme bakunda wu mufaransa bakunda yitwa Sophie Derain aho ashima ingene amuba hafi cane mu bikorwa akora.

Mu minsi iheze igihe yakora igiteramo ciwe afadikanije n'umurwi wiwe The worshipers mu nyubakwa za Odeon Palace niho yatangaje yuko ashima ngene bakorana nawe.
Igihe umukunzi wiwe yarahejeje kuririmba indirimbo yitwa''The Help'' niho yamenyesheje abari ngaho ingene yamubaye hafi igihe yariko arategura ico giteramo.Aho mwomenya ko Sophie arumwe mu bagize uwo murwi wa Fortran.
Fortran yaravuze ijambo ryakunzwe cane ngo''Jewe n'inzu yanje tuzokorera Imana''aho yarashatse kuvuga ko we n'umukunzi wiwe bazokorera Imana biciye mu kuririmba.
Fortran yakomeje atangaza yuko aryohewe cane no kubona ingene umukunzi wiwe amuba hafi cane mu bikorwa vy'Imana kuko ngo bimutera ivyizigiro cane mu gukorera Imana kuko ngo afise umukunzi akunda gukorera Imana.

Comments

Popular Posts