IHIGANWA TOP TEN MUSIC AWARDS 2013

Ihiganwa TopTen Music Awards n'ihiganwa ritegurwa buri mwaka kuva muri 2011 na Radio Bonesha FM.TopTen Music Awards riha agashimwe abaririmvyi hamwe n'abahinyanyuzi b'umuziki. Iryo higanwa rikaba rizoba kur'uyu wakane igenekerezo rya 5/09/2013 muri IFB guhera igihe c'isaha cumi na zibiri.   
  
 kur'uwo munsi abaririmvyi batandukanye bazohabwa ubushimwe mu mice itandukanye hamwe n'umuhinyanyuzi yakoze neza.Mu kubatora baravye indirimbo zabo zakuzwe cane uhereye mu kwezi kwa gatandatu 2012 gushika mu kwezi kwa gatandatu 2013.Ikiringo mvuva yuko kingana n'umwaka wose.
 Imice 13 niyo izohabwa agashimwe uyu mwaka: 
*Agashimwe AKiWacu
 *Umuririmvyi mwiza uyu mwaka 
*Indirimbo nziza y'uyu mwaka 
*Uwerekanye ubuhinga bwiwe uyu mwaka 
*Umuhinyanyuzi mwiza 
 *Video nziza 
*Concert yabaye nziza 
 *Umuririmvyi afise ijwi ryiza 
*Umuririmvyi mwiza wa Gospel
 *Indirimbo nziza ya Gospel 
*Indirimbo nziza yo muri East African yakunzwe
 *Agashimwe kitiriwe inyenyeri 
*Urumuri Awards
 Tubamenyeshe ko kw'injira ar'amafranga 4000f ama ticket akaba azotangura kugurishwa ku munsi wa kane kuri IFB kuva isaha zibiri n igice 8h30.

Comments

Popular Posts