ONE HEART WORSHIP MU GITERAMO KURI ODEON PALACE

 Uwo mugwi ukaba umaze igihe kitari gito ukora.Ibikorwa vyabo bijanye no kwimenyereza basanzwe babikorera muri Mutanga Nord aho bita ku Gikungu.Bakaba bamaze gukora album yabo igizwe n'indirimbo cumi aho zitatu murizo zimaze gukorerwa amasanamu.

Umurwi ONE HEART WORSHIP n'umugwi ugizwe n'imisore 6 ukaba uririmba indirimbo zo guhimbaza no gutazira Imana.
One Heart Worship bakaba barabateguriye igiteramo co gushira ahabona iyo Album yabo bitiriye ''UBU NDIHO''kikazobera muri odeon palace kw'igenekerezo rya 6/10/2013 kw'injira akazoba ar'amafranga ibihumbi bibiri.Aho twobamenyesha yuko hazoba har'abatumire batandukanye murico giteramo.

Comments

Popular Posts