BALTHOS UMWE MU BAKINYI BA CINEMA BABAYEHO KUBERA CINEMA


Mu Burundi, ni bake bakina amareresi nk’akazi batabangikanije n’ubundi buzi. Muri abo bake harimwo Mukenuzi Balthazar benshi bazi kw’izina ryiwe ry’ubuhizi rya “Balthos”. Umukinyi benshi bazi ko ugutwenza abantu atari igikorwa kimugora. MUKENUZI Balthazar batazira "Balthos" Mukenuzi Balthazar benshi bamuzi kw’izina ry’ubuhizi “Balthos”. Ni umukinyi w’amareresi yamenyekanye cane mu gakino “ Umuco” gaca ku mboneshakure y’igihugu c’Uburundi(RTNB). Balthos ubu akaba ndetse ariwe arongoye ishirahamwe Rainbow Umuco rihurikiyemwo abakina agakino “Umuco”. 
Uwo mukinyi ubu akaba akora akazi ko gukina amareresi ndetse no kwandika amareresi harimwo n’agakino “Umuco”. Ku gera ubu ari mu barundi bake bakora uwo mwuga wo gukina amareresi atakindi bawubangikanije. Balthos yavutse mu mwaka w’1967 muri komine ya Kinama iri mu gisagara ca Bujumbura. Yize amashure matomato mu muri komone ya Ngagara, mw’ikaratiye ya 2, imbere yo kubandaniriza kw’ishure ry’isumbuye Lycée Islamique. Aho hose, ivyo gukina ntavyari mu migambi. Yahavuye akurikirana umwuga wo kwubaka. Balthos Mu mwaka 2000, niho ugukina “vyamurwako”. Mu rugendo yagize i Ngozi mu 2000, urugendo rw’imigenderanire hagati y’ikomine ya Nyakabiga hamwe na komine ya Ngozi, yavuze akantu gaca gatwenza abantu bari bagendanye. Muri abo hakaba harimwo Evode Nduwimana hamwe na Thierry Ndabahagamye batanguje agakino Umuco. Inyuma y’iminsi mike bamwikorako bamusaba gukina ari umwigisha w’icirwa co kwinonora mu gakino kamwe. Ariko Balthos akaba yari yababwiye ko agiye kubafashe gusa ariko ko adashaka gukina. Ariko mu nyuma basubira n’ubundi bamusaba gukina. Bukebuke asanga yarabaye umukinyi. Kuva uwo mwaka 2000, Mukenuzi Balthazar akina mu gakino “Umuco”. Mu 2001, yabaye umukuru w’ikigega c’ishirahamwe Rainbow Umuco imbere yo kuba umurongozi w’iryo shirahamwe mu 2008. “Kuva mu 2001 niho yatanguye gukora umwuga wo gukina amareresi atakindi ndawubangikanije”, Balthos akaba ariko agira. Uwo mukinyi w’amareresi w’umurundi akaba amaze gukina mu mareresi amwe amwe nkaya : “Ihitamwo ry’agakura” yasohotse mu 2001 ; “Quand un enfant s’en mèle”, 2007 ; "Le Rancard" y’uwitwa Jean Marie Ndihokubwayo, ireresi yasohotse mu 2012. Ireresi yaronse agashimwe mw’isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi FESTICAB mu 2012 ; "Chèvre courageuse" yasohotse mu 2012 ; N’izindi nyinshi. Ireresi yanyuma aheruka gukinamwo ikaba ayiritwa « Fier de moi » y’uwitwa Yannick Ndayisaba yasohotse mu kwezi guheze kwa Nyakanga. Balthos ari m’icagurwa ry’abakina ireresi(casting) Mukenuzi Balthazar batazira "Balthos" arubatse. Yubakanye n’umukenyezi umwe yitwa Ntitetereza Magnifique. Bakaba bamaze kuvyarana abana b’abahungu 2 bakiri bato(umukuru afise imyaka 6 uwundi 4). Kubwa Balthos, ugutungwa n‘umwuga wo gukina amareresi no kuyandika nti vyoroshe mu Burundi. ivyo kubera atabantu bagura amareresi . akibazako binava no ku kuntu abarundi bataratahura neza ivyerekeye amareresi

Comments

Popular Posts