BUKERA VALERY NIWE YATAHUKANYE IKIBANZA CA MBERE MURI RALLY


Abari bitavye ihiganwa rya « Rally » ryabereye mu ntara ya Ngozi ku munsi wa gatandatu no kuw’Imana barashima uko ryatunganijwe, bagasaba Leta ko yokura ikori ku bikoresho bikenerwa muri iryo higanwa, kugira bashobore kubigura bitagoranye, ivyo navyo bikazobafasha kwama bitaba amahiganwa yotunganwa mu gihugu.
Hari haheze imyaka mirongo ibiri mu Burundi ata higanwa rya « Rally » riteguwe. Ku munsi wa gatandatu, abakunzi b’urwo rukino bari bahanye isango ryo guhurira mu ntara ya Ngozi, mu Vyerwa ahari hategekanijwe ihiganwa ryahuza abavuye mu bihugu vy’Uburundi, Rwanda na Congo. Ibihugu vyashoboye guserukirwa ni Uburundi n’Urwanda. Abahiganwa bose hamwe bari cumi na babiri, abarundi batanda n’abanyarwanda batandatu. Bakoresha imiduga cumi n’ibiri nyene, ariko muri iyo miduga, icenda gusa niyo yashoboye guheza ihiganwa ryari iry’ibirometero 180.
Umurundi Bukera Valéry niwe yashoboye gutahukana ikibanza ca mbere, akurikirwa n’abanyarwanda mu kibanza ca kabiri n’ica gatatu. Mu gihe yahora yitaba amahiganwa yo mu mahanga gusa, Valérie Bukera yarashimishijwe n’ukubona ashoboye guhiganirwa no mu gihugu ciwe, yongera amenyesha ko n’amabarabara yari meza agereranije na kera. Bukera Valéry yasavye Leta kworohereza abinjiza ibikoresho vya « Rally », mu kubikurako ikori.
Buramatari w’intara ya Ngozi ahariko habera iryo higanwa nawe nyene yarashimye ubuhinga bwerekanywe n’abariko barahiganwa, asaba ko mwene ayo mahiganwa yoza aratunganwa kenshi kuko ari mu vyerekana iterambere n’umutekano vy’igihugu
JPEG - 23.5 ko
Mu ntara ya Ngozi, umunezero wari wose ku barorerezi

Comments

Popular Posts