INTATANA MURI KENYA


Umurwi w'Intatana n'umwe mu mirwi tuzi ngaha mu Burundi aha baririmba indirimbo zerekana imico n'akaranga vyu Burundi bicye mu ndirimbo. Uwo murwi igihe watangura abantu benshi batanguwe bawusuzugura babafata nabi ariko ubu bakaba bashima ingene basigaye bakundwa cane hano mu Burundi hamwe no mu makungu. Intatana zama zagiye guserukira igihugu cu Burundi mu makungu kugira ngo berekane isura yu Burundi twobibutsa yuko zimaze kuja mu bihugu bitandukanye aho ni nko muri Chine,Ethiopi,Congo,Kenya nu Rwanda hoho ngo habaye nko muhira iwabo. Intatana zikaba zasubiye kwizerwa kugira ngo zize zije guserukira u Burundi mu gihugu ca Kenya mu ndwi yahariwe ingezi naba mukerarugendo bakaba bazoririmba ku munsi wa gatanu nuwa gatandatu muri iyi ndwi turimwo ngo aho bazokwemeza abakenya yuko mu Burundi har'ibintu batazi ndetse ngo babatere igishika co kuza mu Burundi. Ikindi mwomenya nuko umurwi intatana uhejeje gukora album yabo yindi bitiriye "Bene Amararo"bisigura ngo bene inka,bakaba bifuza ko bozoyishira ahabona iyo album yabo mu kwezi kw'icumi na rimwe.

Comments

Popular Posts