REDEMPTION VOICE MURINDI HIGANWA UYU MWAKA

Umurwi uririmba indirimbo zogutazira Imana, Redemption Voice uri  mu  batowe  kandi  ’ihiganwa  rinini ryitwa BEFFTA UK Awards 2013. Iryo higanwa uwo murwi urimwo rikaba rihuza abakora ibijanye n’ubugenegene (arts) butandukanye  bukorwa n’abiraburebo mu mihingo yosey’isi. Redemption Voice ukaba witeze gutsinda ubifashijwe n’uwo wese akunda uwo murwin’indirimbo za Gospel.Redemption Voice umaze kuronka ubushimwe 4 kuva uyumwaka w’2013 utanguye, urabandanya kugira ibakwe ryokuba mu mahiganwa mpuzamakungu. Inyuma y’udushimwe mpuzamakungu Groove Awards komuri Kenya hamwena Afrika Gospel Awards ko mu Bwongereza, n’ubu isarura ntirirahera kuri Redemption Voice. Ubu uwo murwi ugizwe n’imisore 7 n’umwigeme umwe urimw’ihiganwa BEFFTA UK Awards 2013 ryo mu gihuguc’Ubwongereza.

Mugisha Eric, umwe mu bagizeumurwi Redemption Voice, yatumenyesheje ko nabo nyene batazi ukuntu bashitse muri iryo higanwa riri muyakomeye ku mugabane wa Buraya. Eric ati : “ Twaratangaye kuko twabisanze kurubuga ngurukanabumenyi rw’iryohiganwa”. Ariko kubw’abagize Redemtion Voice, bibazako bashobora kubababatoye bivuye mu mahiganwa bagiyemwo kandi bagatsinda. Redemption Voice umenyeshako wizeye gutsinda babifashijwemwo n’abakunzi babo ndetse n’abakunda indirimbo zo mu bwoko bwa Gospel.Ndetse gutyo bavugako ari naho umuziki wa Gospel wo mu Burundi womenyekana cane mu makungu. Nkuko indirimbo bitiriye urukurikirane rwabo rwanyuma rubivuga Imana “Yuguruye ntawugara” .Abagize uwo murwi bakavugako iryojambo baritahuye ndetse ubu bariko bararibamwo.
Ugutora bikaba biriko biraba kurubuga ngurukanabumenyi w’iryohiganwarwa BEFFTA Awards.Urwo rubuga narwo akaba ari ururukurikira :www.beffta.com .

Comments

Popular Posts