akamaramaza kabaye ku bakinyi ba ba tanzania baje mu burundi

Uguhemukirwa ku bakinyi b’amareresi bava mu gihugu ca TANZANIA vyahereye ku kibuga c’indege, nayo ihotel ngo n’akabare ntiboyishikiramwo, icibagiwe co n’ukuryoherwa kwaranzwe n’ukuzunguruka ama hoteli ya BUJUMBURA baraba uko yifashe bafise inzara n’inyota kuko babuze n’amazi yo mwi bombo.
IMG_0105
Ibihangange vy’abakinyi b’amareresi bo muri tanzania bari bitezwe muri kino gihugu c’uburundi sibo bashitse ku kibuga c’indege aho abakunzi babo bari bagiye kubakira. Ku rutonde rw’abashika hari KIGOSI VICENT, WOLPA, CHIKOKA, hamwe na UWOYA bazi cane nka OPRAH, ariko aho bashika bikaba vyabobetse ko OPRAH na JACKLINE bobo batigeze bahinyoza ikirenge mu ndege yategerezwa kubashikana hano mu gihugu c’Uburundi. Ariko naho ivyo vyari vyifashe gutyo uwo mugwi w’abakinyi wahavuye uza uherekejewe n’uwundi mwigeme.
IMG_0015

Mu gihe indege ibazana yo yashitse igihe c’isaha cumi na zibiri zirenga iminota mikeya, ababakira bobo bahashitse haheze nk’iminota irenga mirongo ibiri hamwe n’abanyamakuru, abashitsi bajumarariwe. Aho mwomenya ko bari bahagaze barindiriye imodoka ibatwara kuko nayo nyene itari bwashike muri ico kibanza. Mu nyuma yo gushika bahavuye batanga ikiganiro ku banyamakuru barashikiriza umunezero bafise kubona bashoboye gushika I BURUNDI.Uwo umunezero ukaba wamaze umwanya nk’uwo urume rumara, hampande yo gucererwa kuza kubatora, bahavuye basubizwa inyuma bafashe urugendo rubasohora ikibuga c’indege ngo imiduga yabo ntiyigeze iriha ama ticket yari yahawe aho yiniira.
IMG_0013
N’uburuhe n’akantu bashikirizwa mw’ihoteli iri mu commune ngagara aho bita HOPE WELL RESIDENCE iri kuri BOULEVARD D’AFRIQUE , aho bobo bavuze ko hoba ari mu kabare. Bakaba barananse kuva  mu modoka kuko bahagaye, ariko ibintu bikaba vyahavuye biraturura baraheza barinjira bashika bashira ku meza amaguru ikimenyetso co kugaya aho bashikiye. Amatelefone atanguye gucanacanako ngo barondere iyindi hotel, nawe KIGOSI hampande y’abanyamakuru ariko arahamagara i  DUBAI ngo bamufashe kurondera iyindi ashobora kuruhukiramwo. Inyuma y’amasaha ashika 2 imodoka yo muri IKHO PRODUCTION yarashitse ije gutwara abo bakinyi ngo ibereke ahandi boruhukira.

IMG_0052
Mu nyuma zo guhamagarwa ko abashitsi babo babanyazwe bahavuye bahashika baje kuraba ibiriko biraba basanga imodoka igira ibatware, rwaserera ngo nihondi, ariko uburuhukira STARS HOTEL irabatahukana kuko ariyo bahavuye baja kuruhukira mu kiringo c’umwanya muto, kuko mu nyuma zaho bagiye kuraba izindi zitari nke ngo barabe ko boheva bagakunda n’imwe yoyo, twaraye tutaramenya neza aho bahavuye bakarara kuko gushika igihe c’isaha ya sasita y’ijoro batari bwaronke aho baryama, eka n’ico kunywa no kurya naco nyene ntibari bwagihabwe kuko bavuye muri HOPE Imbabura zikiriko zibebwa akayi n’umuceri bikiriko birategurwa.
star-hotel


Amakuru menshi ku bijanye n’uko bigiye kugenda muri kino gihe bazomara I BURUNDI tukaba tuzobbashikiriza uko tugiye tubironka.

Comments

Popular Posts