LANCEMENT DU NOUVEL ALBUM IKEBUKE

Urukurikirane rushasha rusa neza kandi rwakozwemwo n’ibihangange mu muziki rwamaze kuboneka rukaba ruzoshirwa ku mugaragaro vuba mu ntara ya Gitega, kandi rurimwo amajambo y’inkoramutima.
1507718_10201384277952467_2124213127_n

Inyuma yo gukora igiteramo caryoheye bamwe kigatera akabo abandi aha mu gisagara ca bujumbura aho mu kiga c’iratiro. Hakaba hari hahejeje kuburabuzwa umugwi LION STORY ngo ntibakore igiteramo cabe muri VUVUZELA ariko bo bagira umutima rugabo bakora ata bwoba kandi bagira imana bobo ntaco babagize. Kandi mwomenya ko bari barashaka kuvuza zimwe mu ndirimbo ziri mu rukurikirane rwabo rushasha bazoshirahanze vuba cane.
Kubw’umugwi PROPHET’S VOICE Intara ya gitega niho vyose bitegerezwa guhera ari naco gituma bahisemwo gukorerayo igiteramo co gushira ku mugaragaro urwo rukurikirane rwabo rushasha. Intango y’umwaka 2014 kubwabo nico gihe ciza babonye co kwerekana urukurikirane rwabo rukoze neza cane kuko rukozemwo abahinyanyuzi b’ibihangange vya hano I BUJUMBURA, aho ni nka BIG BASSE asanzwe akorera muri MENYA MEDIA STUDIO hamwe na MARC KIBAMBA asanzwe akorera muri AFRO MUSIC STUDIO isanzwe muri kino gihe isa nuko ishobora kuba iza mu za mbere zikora ibikorwa vyiza muri EAC.
Ico giteramo kikaba kizoshirwa ahabona kw’igenekerezo rya 4 nzero 2014 I gitega mu nzu y’iratiro ya GITEGA(MUSEE VIVANT), mwibuke ko banaheruka gukorerayo igiteramo aho bita muri ESPACE CANJO.

Comments

Popular Posts