Fortran amaze indwi aganutse mu gihugu ciwe c amavukiro aho haramaze igihe kingana n amezi atatu ari ku mugabane wi burayi aho yari yatumiwe mu biteramo n'abarundi baba kur'uwo mugabane.
Nkuko yashoboye kubituyagira ngo yarashimishijwe cane gose nizo ngendo yabayemwo kuko yashoboye kuronka ubumenyi butari buke.Ikindi ngo nuko yashoboye guhura n abamwe mu bacuraranzi babarundi baba ngaho ni nka Jeremie abenshi bazi yakoze muri Menya media. Aho yari mu gisagara ca paris yarashoboye kuronka akorya ko kubana numwe mu bacuraranzi bo ngaho aha bashoboye gusangira ubuhinga butandukanye ndetse akaba yararonse inyigisho zijanye na piano jazz.Ikindi gikorwa yakoze nuko yashoboye gukora amashusho y'indirimbo yakoranye n'umukunzi wiwe bise Ni mumfashe dushime.
Fotran yatumenyesheje yuko agarutse kwitabira ibiteramo yatumiwemwo mu gihugu cu Rwanda c'uwitwa Patient Bizimana.Ikindi ngo nuko aje gutegura ubugeni azokora itariki 5/7/2013.Akaba yasavye abakunzi biwe gukomeza bamuba hafi kandi akaba abatumiye kuza gusangira umunezero nawe kur'uwo munsi w'ubugeni.

Comments

Popular Posts