ISANGANIRO AWARDS IGIRA KANE YARAYE ITANGUJWE KU MUGARAGARO

K uyu wa gatanu niho hatanguzwa ku mugaragaro ihiganwa ryitiriwe Isanganiro Awaards igira kane.


Ico kiganiro kidasanzwe kikaba catanguye igihe c isaha y icenda aho hari abatumire batandukanye aho twovuga nka Excellent Nimubona ari nawe yatanguje ico ciyumviro ndetse bakaba bamushimira bimwe vy umwihariko, umukuru wa amical des musiciens,mukombozi ari nawe yaheruka gutahukana isanganiro awards igira gatatu,Amir Pro,Ikoriciza Aruna asanzwe atwara ishirahamwe rifasha mw iterambere ry umuziki mu gukora indirimbo,amasananu eka mbere no kumushira ahabona nawe akaba yarabaye umuririmvyi.


Isanganiro Awards nkuko musanzwe mubizi akaba ar ihiganwa ritunganwa na radio isanganiro rigafasha mwiterambere ry umuziki w abarundi.Mur ico kiganiro bashoboye guca hirya no hino  kivyaranze ihiganwa isanganiro awards ya mbere,ya kabiri hamwe niya gatatu.Ndetse bakaba bavuze n ingene isanganiro awards igira kane igiye gutunganwa aho bashoboye gutanga akaryo ku bariko bumviriza ico kiganiro gutanga intererano yabo biciye mu vyiyumviro.


Radio Isanganiro ikaba yamye yitaho iterambere ry abanyamuziki.Ikaba iri mumaradio ya mbere yatanguje ikiganiro giha umwanya abaririmvyi naho umuziki utari bwatere intambwe nkaho ugeze muri kino gihe.Bikaba bitagarukiye aho kuko yahavuye ishiraho agace k indirimbo yahariwe indwi aho naho igafasha umuririmvyi gushikana ubutumwa buri mu ndirimbo yiwe kure aho mbere anaterera kubiba bivugwa mu gihugu.Ikiganiro Melodica eka mbere n ejo bundi bucanayandi y imico kama atahandi muzobisanga hano mu Burundi atari kuri Radio Isanganiro biri navyone mu biganiro vyagiye biha ikibanza umurimvyi w umurundi.

Abariko baremesha ico kiganiro bakab abshoboye kumenyesha yuko ico gikorwa kitari gushoboka iyo bagenzi babo b abamenyeshamakuru  bo ku ma Radio atandukanye aho twovuga Radio Bonesha FM,RPA,Nderagakura,RTNB,RFM,Rema FM,Television Salama,Radio Televison Renaissance ndetse bakaba baboneyeho akaryo ko kubashimira.Ikindi nuko iryo higanwa ritari gushoboka iyo abo riraba na cane cane abahinyanyuzi hamwe n abarimvyi bose batitanga mur ico gikorwa.Nabo bakaba barashoye gushimirwa bakaba batibagiye gushimira amashirahamwe yitanze bimwe biboneka aho twovuga ishirahamwe nka Brarudi,Leo,Kenya Airways,Graphica,Hope Design hamwe na GLM.Murayo mashirahamwe hakaba hariho ayaza yaremeye gufasha muri kino gice kigira kane,eka ngo nayandi yose yifuza guterera mu gikorwa co guteza imbere abaririmvyi ngo imiryango irurguye.


Mu gutangura ico kiganiro bakaba bahaye ijambo umuyobozi wa Radio Isanganiro Vincent Nkeshimana we atigeze ahigimanga mukwemera ico ciyumviro co gutunganya ihiganwa rifasha mwiterambere ry umuziki w uburundi.Akaba ashima uko bamwe n abandi bagenda barabashigikira mur ico gikorwa akabasaba no kubandanya.Nyuma yaho baciye bakumbuza abariko bumviriza ndetse nabaraho muri studio ku munsi hamenyekana uwatwaye isanganiro awards ya mbere ariwe Rally Joe,uwatwaye iya kabiri Yoya hamwe n uwatwaye iyigira gatatu Mukombozi.

Comments

Popular Posts