ISABUKURU RY'AMARERESI MU BURUNDI RIGIRA GATANDATU RYATANGUYE
Isabukuru ry’amareresi mu
Burundi, FESTICAB (Festival International du Cinéma et de l’Audiovisuel
du Burundi) ryaratangujwe ibikorwa vyayo bigira gatandatu ( 6ème
édition). Ibishasha muri ivyo bikorwa, akaba ari uko hashizweko umukono
wo gukorera hamwe mu kiringo c’imyaka itatu hagati ya FESTICAB
n’ishirahamwe BRARUDI.
Nk’uko vyama biba ku mwaka ku mwaka, ibikorwa bigira gatandatu
vy’isabukuru y’amareresi FESTICAB mur' uno mwaka w’i 2014, bikazotangura
kuva kw’igenekerezo rya 13 gushika kurya 20 Ruheshi. Icivugo c’uno
mwaka akaba ari : “Ireresi na demokarasi”. Léonce Ngabo, umukuru wa
FESTICAB avuga ko iciyumviro c’ico civugo yagitoye yisunze ukungene
imibereho ya kino gihe yifashe mu Burundi, haba mu vya poritike, mu
vy’imibano no mu vy’ubutunzi.
Ikindi naco camutumye atora icivugo c’uno mwaka, ni uko ibibandanya bivugwa mu Burundi muri kino gihe, ari amatora yimirije mu mwaka w’i 2015 asabwa kubamwo intwaro rusangi. Naho umenga mu gutora icivugo “Ireresi n’intwaro rusangi” yishimikije cane mu vya politike, Léonce Ngabo yisiguye avuga ko muri iryo sabukuru FESTICAB ryimirije, yashatse gukoresha ireresi nk’igikoresho cigisha kandi gihimiriza.
Igishasha kindi mw’isabukuru FESTICAB ry’uno mwaka, n’umuhagaritsi
mushasha azoba ashigikiye ibikorwa vy’uno mwaka w’i 2014. Uyo nawe
n’umufaransa yitwa Marie Bunel, yari umukinyi mukuru (actrice
principale) mw’ireresi ya “GITO l’Ingrat”. Hazoba mbere n’ihiganwa
rishasha ry’amareresi yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko aho ibikorwa
vyayo bizokwuguruzwa i Bujumbura, hongere habe n’inyigisho ku bakinyi
bafise impano zo gukina amareresi muri Afrika y’Ubuseruko.
Amafaranga agera ku miriyoni 120 y’amarundi akaba ariyo yashizweko igikumu hagati y’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Brarudi, Maarten Schuurman na Léonce Ngabo, umukuru wa Festicab. Bakaba bagiriraniye amasezerano yo gukorera hamwe n’iryo shirahamwe, mu kiringo c’imyaka itatu. Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Brarudi, Maarten Schuurman akaba yamenyesheje ko rigize incuro ya kane bakoreye hamwe na FESTICAB mu ntumbero yo guteza imbere imico y’abarundi hamwe kumenyekanisha Uburundi biciye mu mareresi yerekanwa.
Léonce Ngabo akamenyesha nawe ko ayo masezerano bagiriraniye n’ishirahamwe BRARUDI ari amasezerano yo kwizigira. Akavuga kandi ko FESTICAB ari igikorwa ndangakaranga conyene mu Burundi kimaze gushinga iminzi mu myaka itandatu kandi kigifise n’impano yo kubandanya no myaka igiye kuza.
Mwomenya ko ivyo bikorwa vyo gushiraho amasezerano hagati ya FESTICAB n’ishirahamwe BRARUDI, vyari vyashigikiwe n’umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imicokama.

Comments