IBIKORWA VYO GUSHIGIKIRA ISABUKURU RY AMARERESI BIRABANDANYA.

Abakunzi b ireresi mu Burundi bakomeza gushigikira isabukuru ry ireresi mu myiteguro barimwo.Kur uyu wa gatatu niho haba ugushira imikono ku mfashanyo yo gufashanya hagati yi banki BCB na FESTICAB.

Imbere yo gushira igikumu kur ayo masezerano habajwe gushikirizwa amajambo ku mpande zose yaba ku batanze imfashanyo ndetse no kubayironse.Umukuru wa festicab yagarutse ku civugo c uyu mwaka ico naco akaba ari ireresi na demokarasi.Akaba yasiguye impamvu batoye ico civugo kuko ngo kijanye n ibihe igihugu cacu cimirije kubamwo c amatora.

Kubwaserukiye ibanki BCB akaba yatumenyesheje yuko impamvu bemeye gushigikira ico gikorwa ngo nuko babona inyungu bigirira igihugu cacu mu kuzana ingenzi hano mu gihugu cacu bazanywe no kuraba iryo sabukuru.

Ikindi twobibutsa nuko imfashanyo yatanzwe ingana n imiliyoni 15 ayo nayo akozokora mu myaka itatu iri mbere .

Dusubire tubibutse ko mw’isabukuru FESTICAB ry’uno mwaka, n’umuhagaritsi mushasha azoba ashigikiye ibikorwa vy’uno mwaka w’i 2014. Uyo nawe n’umufaransa yitwa Marie Bunel, yari umukinyi mukuru (actrice principale) mw’ireresi ya “GITO l’Ingrat”. Hazoba mbere n’ihiganwa rishasha ry’amareresi yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko aho ibikorwa vyayo bizokwuguruzwa i Bujumbura, hongere habe n’inyigisho ku bakinyi bafise impano zo gukina amareresi muri Afrika   y’Ubuseruko

               .

 Nk’uko vyama biba ku mwaka ku mwaka, ibikorwa bigira gatandatu vy’isabukuru y’amareresi FESTICAB mur' uno mwaka w’i 2014, bikazotangura kuva kw’igenekerezo rya 13 gushika kurya 20 Ruheshi

Comments

Popular Posts