IGITIGIRI C AMARERESI AZOHIGANWA UYU MWAKA MURI FESTICAB CATANGAJWE

 Diane KANEZA, ashinzwe gutunganya urutonde rw’ibikorwa muri FESTICAB, yatangaje ko FESTICAB 2014 izoba irimwo amareresi 99.Aho ngo bakaba bisunze ibintu bitatu nyamukuru. 

JPEG - 290.4 ko
 
 Umuyobozi wa FESTICAB, Cynthia NIYONSABA avuga ko isabukuru ry’amareresi mpuzamakungu mu Burundi, FESTICAB, ritera rikura kandi ry’iyagura. Aha akavuga ivyo afatiye ku gitigiti c’amareresi azohiganwa, hamwe n’abahinga mu mareresi bagera kuri 50 bitezwe. Bano nabo bakaba bava muri Afrika ndetse no ku mugabane wa Buraya. 

JPEG - 75.4 ko
Ibishasha nyamukuru mw’isabukuru rya gatandatu akaba ari amareresi 2 mashasha maremare( films long-métrage), y’abarundi, ari mw’ihiganwa. Ayo nayo akabari : « I Mashaka » ya Jean Marie NDIHOKUBWAYO na Pascal CAPITOLIN ; «  Amaguru n’amaboko » ya Roland RUGERO. Ayo mareresi akaba aje gusanga iyindi reresi ndende, « Gito l’ingrat » ya Léonce NGABO, yarimaze imyaka 15 ari imwe gusa ndende y’umurundi uwo nawe akaba ari NGABO Leonce.

Ibibanza vyo kwerekaniramwo amareresi mw’isabukuru FESTICAB 2014bikaba vyarongerejwe bivanye n iyi ndi myaka. Nkuko Diane KANEZA ashinzwe gutunganya urutonde rw’ibikorwa muri FESTICAB yabimenyesheje, mu gisagara ca Bujumbura, ibibanza vyongewemwo ni bitatu .Ivyo navyo akaba  vya American Corner vy’i Bujumbura, IFB, CJK, CELAB, KU KINDI, MARTHA Hôtel, NEW AGENA Hôtel. Hagati mu gihugu hiyongereyeko ikibanza kimwe mu ntara ya Gitega  American Corner y’i Gitega, Alliance Française de Gitega, Maison Slalom Ruyigi hamwe no kuri Kaminuza y’i Ngo
zi.

Mu batunganya isabukuru FESTICAB bavuga ko ari akanyamuneza ntangere ko kuronka amareresi mashasha ya mbere akozwe n’urwaruka rw’abarundi batanguye umwuga wo gukora amareresi. Uwujejwe ugutunganya urutonde rw’ibikorwa muri FESTICAB, Diane KANEZA amenyesha ko hari n’imice ibiri mishasha mw’isabukuru ry’uyu mwaka. Iyo nayo akaba ari : umuce w’amareresi yo muri Afrika y’Ubuseruko hamwe n’umuce w’amareresi y’ibicapo bikinishwa (desssin anime).
Mwomenya ko mu mareresi 99 azohiganwa muri FESTICAB y’uyu mwaka, harimwo 16 ahiganwa ku rwego ry’igihugu, 51 ku rwego mpuzamakungu, 20 ku rwego rwa Afrika y ‘Ubuseruko na 12 mu rwego rusangi.

Comments

Popular Posts