IGICE KIGIRA CUMI NA GATANDATU C'INKINO ZA GOLF ZARAYE ZITANGUJWE KU MUGARAGARO.

Ku munsi w'ejo niho hatanguzwa ku mugaragaro igice kigira cumi na gatandatu mu rukino rwa Golf hano i Bujumbura ico bise Burundi Open 2014.



Ivyo birori bikaba vyatangujwe n'inkino zari zabaye mu gitondo aho hakinye umurwi wa mbere ariwo bise Catégorie professionnel izo zikaba zahuje ibihugu bitandukanye vyo muri kano karere.Ikindi nuko igihugu ca Congo ar'ubwa mbere citabira izi nkino.
Ivyo birori bikaba vyari vyitabiriwe n'abategetsi batari bake bo ngaha mu gihugu cacu ndetse nabo hanze nkabasanzwe baserukira ibihugu vyabo ngaha mu Burundi.Amashirahamwe atandukanye akaba yarashigikiye izo nkino.
 
 Abari ngaha bakaba barashoboye kumva amajambo atandukanye uhereye kurya tangujwe n'umukuru wa Bujumbura Golf Club hanyuma hakuriwe iry'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu nyakubahwa Gervais RufyikirIzo nkino zikaba zibandanya gushika kw'igenekerezo rya 4/05/2013

                                         AMWE MU MASHIRAHAMWE YASHOBOYE GUFASHA 



Comments

Popular Posts