+18ans - Ibitisina | Mbega uwuri mu bishoze canke mu kwezi ashobora kugira imibonano mpuzabitisina?


Mbega uwuri mu bishoze, mu kwezi canke mu butinyanka yoba ashobora kugira imibonano mpuzabitsina? kuri bamwe bamwe bagira ngo oya abandi bati ego. ico kibazo kikavana n'umwe umwe uko acibazako.

Ku bigeme batari bake ntibakunda guyikora mu gihe bariko muri ivyo bihe, ariko abandi nabo bakaba ariho bashaka abagabo. ku bushakashatsi bwakozwe bikamenyeshwa ko ata tegeko riva kwa muganga rivuga ko ari ikosa gukora ico gikorwa mu gihe bari mu kwezi, ariko bikavana n'umukobwa canke umugore kuko bamwe bamwe bareka kubikora kubera imibiri yabo itabakundira bivanye n'ububabare bagira muri ivyo bihe.
Ikinyamakuru lebabi.net co kikamenyesha ko ko iyo umugore ari mu butinyanka yarakwiye kubaza umugabo wiwe nimba vyokunda ko bakora imibonanao mpuzabitsina mu gihe yumva ashaka kuyikora. Ico kinyamakuru kibandanya kivuga ko mu gihe umugabo akunda umugore wiwe akenshi atakibazo bibatera kubikora.

Ariko naho bakavunira akagohe ngo bamane udukingirizo hagufi mu gihe umugabo yoshaka kukambara kugira amaraso ntamujeko umubiri wose, bakabandanya bamenyesha ko vyoba vyiza ngo bashize akandi gahuzu hejuru y'amashuka kugir amaraso ntajeko kugira isuku naryo rishirwe imbere.

Comments

Popular Posts