Umusi wahariwe Ireresi Ndundi mw’isabukuru ry’amarersi muri Japon

18-603x400
ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 28 ntwarante  2015 niho hazugururwa icese isabukuru ry’amareresi arimwo ururimi rw’igifaransa yo mu buyapani neza neza Tokyo. Kuri uwo musi nyene hakazokwerekanwa amareresi ndundi kuko azoba ari umusi biyitiriye.
Muri ivyo birori bizotangura igenekerezo rya 28 ntwarante bihere 19 ndamukiza n’uburundi bwaraserukiwe n’uwusanzwe aserukira imbere y’amategeko FESTICAB ariwe Leonce Ngabo, hakazonakwerekanwa ireresi yiwe GITO L’INGRAT yakozwe mu mwaka wa 1992, ikaba ari nayo yabaye ireresi ya mbere y’abarundi ikozwe kuco bita Norme International.
Mu makuru dukesha ikinyamakuru Akeza ngo uno mutware ntakibarizwa hano mu Burundi kuko ku musi wa mbere yafashe urugendo rumushikana muri ico gihugu.
By King Yann Cool On Indundi.com

Comments

Popular Posts