USA : Obama agiye kugendera igihugu c’amavukiro ya se

Umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama agiye kugendera igihugu ca Kenya, mu kwezi kwa Mukakaro 2015.
Inyuma y’imyaka itandatu agiye ku butegetsi, Barack Obama azogendera igihugu ca Kenya, igihugu c’amavukiro ya se wiwe. Igihe agendera ibihugu biri munsi ya Sahara, mu bihugu vya Afrika y’ubumanuko, Senegal, na Tanzaniya mu mwaka w’2013, umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama, yamenyesheje ko afitaniye isano ridasanzwe n’abanyagihugu b’aho muri Kenya.
JPEG - 18.5 ko
Barack Obama arongoye igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika
Barack Obama akazoba agiye kugendera ico gihugu, mu nama mpuzamakungu izohuza abanyamitahe bashika igihumbi bashinze amashirahamwe yo muri Afrika. Mu nama yari yahuje abakuru b’ibihugu bashika 40, hamwe n’ama Reta ya Afrika, i Washington mu kwezi kwa Myandagaro 2014, Obama akaba yari yamenyesheje ko bashiraho imigenderanire idasanzwe n’ico gihugu mu vyerekeye ubutunzi.
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyata, akaba yarashimye cane urwo rugendo rwa Barack Obama, kubona yaremeye ubutumire bwiwe kuko bizotuma abo bakuru b’ibihugu bahanahana ivyiyumviro ku bijanye n’imigenderanire y’ivyo bihugu vyompi.

Source Igihe.bi Yanditswe na Floxella Karire

Comments

Popular Posts