Umugore wo munzu akwiye kuba nk'umumaraya imbere y'umugabo wiwe

Ibikwiye gukorwa n'umugore w'ukuri bikwiye kuba ari bitatu, akwiye kuba umuhabara, inarugo hamwe n'umuvyeyi.


Ategerezwa kuba umuhabarakubera umuhabara inzu yiwe yama iteguye, yama isa neza yiteze ko umugabo aza ntasange iyo nzi isa nabi. Nawe nyene ahora asa neza kugira umugabo niyaza ntamunegire na kimwe. ikigeretseko umuhabara w'umuntu yama yiteguye gukora amabanga yabubatse*Imibonano mpuzabitsina) n'uwo mugabo wiwe.


Ibihe vyubu biragoye, inyambaro zawe zikwiye kuba zigutuma uba mwiza kandi ushitura umugabo. ukwiye kwambara ikareso z'abagore zikozwe mutugozi gusa(string) kuko abagabo barazikunda, utegerezwa kuryohera umugabo mu gitanda nkuko abamaraya babikora kuko bakora imibonano mpuzabitsina nkako ryoba ari iryanyuma. Ukwiye kandi gusasa igitanda cawe neza kugira umugabo ahakunde ntiyipfuze kuhava.

iyo ashavuye bandanya umuyagisha mu buraneza, ntimutongane, ntumuyagishe nabi. murungikire ubutumwa(message) ziryoshe. Mu majambo umwandikira umwibutse ko iyababaye utabikunda ahubwo ubabara kumusumvya kandi utupfuza kumubura.

Menyera kuraba umugabo wawe mu maso kuko mufise inkomezi(Imbaraga) mwahaye n'Imana  ziri mu maso yanyu.Iyakuyagisha canke akuvugisha mbere nawe iyo umuyagisha bandanya uuraba mu maso, arashobora kugutera igitsure ariko komeza umurabe mu maso buke buke aratahura ivy'umubwira.

Iyuyagisha  umugabo wawe, mwegere umukuyakuye(touch him slowly), gira nkaho uri kumukurako ikintu ku mpuzu, musome,buke buke urakora ico wipfuza.

Abagore bafise ibibazo vy'ugutwarwa abagabo bakavuga ko abagabo babo batwarwa n'abantu baba babaroze kandi atarivyo. Umugabo wawe bamutwaye kubera utazi gukoresha ingabire imana yaguhaye zukumugumana hagufi yawe.

Iy'uryama iyoge neza wisige akubone nkaho uri mushasha, kandi iyo uryama kirazira kurara wambaye ambara impuzu zikurekura ubona ko nawe akunda ko wambara mwijoro, mwegere mu kuryama akwumve.

Comments

Popular Posts