Bimwe mu bidakwiye gukorwa n'abagore bibungenze kugira umwana ntagire ibibazo

Abavyeyi bibungenze kenshi baragira ibibazo vy'ukutabona uko bari bukore mu gihe bibungeze, nimba bari bwifate gute canke ico bari bukore canke ntibakore. Umwe mu baganga akaba kandi n'umwanditsi w'igitabo Dr. Georges D. Pamplona Roger mu gitabo yanditse Guides d’alimentation pour les meres, les enfants et les adolescents aramenyesha ivy'umuvyeyi yo kwirindi nivyakwiye gufungura guhera acibungenze gushika yibaruke.

Uwo mushakashatsi yanditse ko umuvyeyi yibungenze akwiye gufungura ibiribwa bidahinguye nukuvuga bidaciye mu mahinguriro, mu ntumbero zo kwirinda imiti iterwa ivyo biribwa. akanamenyesha kandi ko umuvyeyi yibungenze akwiye cane cane kurya ibiribwa bimera.

Uwo mushashatsi muri ico gitabo aributsa ko umuvyeyi akwiye kunywa mazi menshi ku musi aho amenyesha ko nimiburiburi akwiye kunywa amazi angana n'ibirahuri bishika kuri 8 ku musi. Ivyo bakabikora mu ntumbero yo gusohora umwanda uri mu mubiri eka n'uburozi umubiri usanzwe ukora.

Uwo muganga arabandanya amenyesha ko Vitamine  D ikorwa n'uruhu rw'umuntu ngo  ruyikuye ku mishwarara y'izuba. Iyo Vitamine nayo ikaba ituma ko amagufa y'umwana hamwe na inkomezi z'amaraso (Systeme  Huminitaire) y'umwana ibashe gukomera. Bakagasa rero ko rimwe na rimwe umuvyeyi yoza arota akazuba. S'ico gusa kuko ngo no kwinonora imitsi utiruhisha ngo navyo bifasha umuvyeyi n'umwana na cane cane mu gihe c'ukwibaruka.

imiti umuvyeyi atandikiwe na muganga ngosi vyiza kuwunywa kuko hari imwe imwe muriyo igira ingaruka ku mwana aba ari mu nda, ngo vyiza imber yuko umuvyeyi yibungenze afata umuti uwariwo wose yobanza akagisha inama umuganga.

Ingaburo zitandukanye zikozwe mu buryo bwinini ngo si nziza ku muvyeyi yibungenze, uwo muganga akaba n'umwanditsi yamenyesheje ko imbere y'ukuzifata umuvyeyi yibungenze akwiye kubanza kugenda umuganga akabanza akamusuzumira ko ari nziza, kuko ngo hari zimwe murizo zigira ingaruka ku mwana aba yibungenzwe.

Nkuko uwo muganga abandanya abivuga ngo ibinyobwa brimwo ibiboreza ngo si vyiza ku magara y'umwana, ngo birasabwa ko umugore yibungenze adakwiye kunywa kuko bishobora kugira ingaruka mbi ku bwonko bw'umwana ari mu nda. yongera kandi abuza abavyeyi kunywa itabi hamwe n'ukuryirinda mu burya bwose bushoboka hamwe n'ukudakoresha ibintu brimwo cafeine.

Comments

Popular Posts