Impamvu abagabo bahejeje kugira imibonani mpuzabitsina baca basinzira naho bibabaza abo baba baryamanye

Abagabo batari bake bahejeje gukora imibonano mpuzabitsina baca basinzira ikintu kidashimisha abagore namba nagato. Ariko abashashatsi bamenyesha ko ivyo biva Ku bintu bitandukanye kandi ko ataruhara na rumwe umugabo abifisemwo.

Kimwe mu bigo vyakoze ubwoba bushashatsi kimenyesha ko hari imice ishika kuri 5 itandukanye y'ibituma umugabo asinzira iyo ahejeje gukora imibonano mpuzabitsina.
Umugabo mu gihe co gukora imibonano mpuzabitsina ngo umubiri ukoresha inguvu nyinshi bigatuma aruha ari kimwe mu bituma aca asinzira.

Ivyo bigaca bijana n'ikibanza aba ariko akoreramwo iyo mibonano mpuzabitsina kuko iyo akorera ico gikorwa gihezagiye Ku buriri bica bituma umubiri ushaka kuruhuka kuko ari hagufi y'uburiri, ariko nkulo ubushakashatsi bubivuga ngo Atari hagufi y'uburiri ari nko mu modoka canke ahandi ngo umubiri ntuheza ngukugore ngo asinzire.

Ivyo kandi bikaja n'ibihe akoreyemwo iyo mibonano kuko uwuyikoze ari mw' ijoro, kubera umunaniro aba yirirwanye agaca yongeramwo nuwo aba aronse mu gihe ahejeje gukora imibonano mpuzabitsina bica bituma uwo mubiri umusaba kuruhuka, bigaca bituma sinzira.

Hampande y'ikibanza n'umwanya aba ariko akoreramwo iyo mibonano, hari n'imisemburo umubiri ukora iyo akora imibonano mpuzabitsina bigatuma igice ciwe c'ubwonko kimufasha kwiyumvira gica kimera nk'igisinziriy mu gihe ibindi bice vy'ubwonko bimufashakugira umubiri uheremwo uburuhe.

Comments

Popular Posts