Impamvu umukobwa atoryamana n'umuhungu bataragira ubugeni

Ukuryamana n'umuhungu mukundana abakobwa bamwe bibaza ko ari kimwe mu bituma urukundo rurwira canke arukumwereka ko umwitayeho vy'ukuri. Ku bakobwa mumenye ko hari igihe ico mwibaza gishobora kukuviramwo ingaruka mbi ku mibano yanyu mbere no ku buzima bwawe na cane cane ko uba waryamanye nawe uvuga ko umukunda.



Bimwe muvyotuma umukobwa ataryamana n'uwo batarashinga urugo.

1. Umuhungu akenshi iyakunda umukobwa amukundira uko ateye, amaguru, amaboko, amaso, muri make uko vuba uteye.

Ivyo rero bituma umuhungu kenshi na kenshi ikindi ciyumviro kiza ari ukwibaza uko igitsina ciwe kimeze canke uko vyogenda baryamanye. Nkuko nari nababwiye ko Atari Bose kuko n'umugani w'ikirundi uvuga ngo umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango, bamwe bamwe bakora ibishoboka vyose ngo baryamane nuwo mukobwa. Akenshi bagaca babata kuko aba yabonye ico yaba akeneye, canke akamuhindura igikoresho c'ukwikura umusonga iyo akumbuye kuryamana n'umukobwa. Uriyubara rero mukobwa ntuhave usanga wabaye igikinisho

2. Ikindi kimenyetso kizokumenyesha ko umuhungu afise iyindi ntumbero, akora ibishoboka vyose ngo muryamane, mbere rimwe na rimwe akakumvisha ko arico kimenyetso c'uko umukunda.

Iyo uguye mu mutego wiwe abakobwa bakunda guca bahebwa canke agatangura kubona ukumwitaho kwari guhari kutagihari. Haca hakurikira ivyo twabashikirije ku numero 1.

3.iyo ubucuti hagati y'umuhungu n'umukobwa bushingiye ku mibonano mpuzabitsina, ubucuti bwabo buroroha gusambuka kuko ata mushinge w'urukundo ukwiye muba mufise.
Icankenerwa n'ukuyaga n'uwo mukundana mukamenyana, ukamenya icakunda Nico yanka mu ntumbero yo kwubaka urukundo rufise umushinge nk'urutare. Ivy'ukuryamana bikazoza ariko mufise umushinge ufadika.

4.Kenshi na kenshi kuvana n'umuhungu wakunze kandi mwaryamanye bisiga mu mukobwa ibibazo vyinshi kandi bikanatuma mu buzima bw'urukundo rwiwe bimugora kugirana urukundo n'uwundi muhungu kuko akenshi aca abona ko bose ari bamwe. Iyo ikaba inashobora gutuma no mu rugo rwiwe bishobora kunagenda nabi. Uriyubara mu ngingo ufata kuko ushobora gusanga uguye mu kibazo utokwikuramwo.

5. Mu bibazo bishobora gusanga umukobwa aryamanye n'umuhungu batarashinga urugo, n'ukwandura ingwara ziciye mu bihimba vy'irondoka birimwo kuko akenshi muba mutipimishije ngo mumenye uko mumeze kandi ngo munamenye uko mwitwara.

Hampande y'ingwara haboneka ugutwara inda utipfuje kubera muba mukora imibonano mpuzabitsina mutikingiye kuko kenshi muba mwizeranye ngo Nuko mumaranye igihe kinini. Rimwe na rimwe bigaca bituma umukobwa ahungwa n'umuhungu kubera ikibazo c'ugutwara inda umuhungu aba atiteguye kuba umuvyeyi.

Ivyo ni bimwe muvyo twashoboye gutororokanya bituma umukobwa atoryamana n'umuhungu batarubakana kuko kenshi bizana ibibazo haba ku ruhande rw'umukobwa canke ku muhungu.

Comments

Popular Posts