BATANDATU BASIGAYE MW'IHIGANWA RYA PRIMUSIC

Ku munsi w'ejo niho haba igice ca kabiri gishira ica nyuma muri rya higanwa primusic.Ico giteramo cabereye mu ntara ya Gitega kuri stade aho abantu isinzi bari baje kuraba ico giteramo umuntu aravye yarabona yuko abantu bari bagishashaye cane gose.Aho mwomenya yuko abaririmvyi 12 aribo bategerezwa guhiganwa.DSC05294.jpg

Umuserukize wundi wa Primusic SAT B yaciye aza guteramisha mu kurindira yuko bandi baririmvyi 6 baza kuririmba.Abo batandatu nabo baciye baririmba haba hasigaye igikorwa ca jury.Tubamenyeshe yuko hari hatanganijwe na tombola ya Brarudi aho batombora ibintu bitandukanye amakinga,ama bassin,ibitenge.

Abobaririmvyi bahejeje kuririmba jury yaciye ija mu mwiherero kugira ize gutangaza 6 basigara mw'ihiganwa mu kurinda ko jury iza barerekanye abashoboye gutsindira amakinga.SAT B nawe aryohera abakunzi biwe.

dsc05230.jpg


Nyuma yaho jury yarihejeje gutora abaririrmvyi 6 basigara bahiganwa muri final abo nabo akaba ari
 Samantha,Christian,Matabaro,El Pedro,Gaby,Olga Lorie.Buddie yaciye aha akajambo abo baririmvyi kugira bashime yaba kubabandanije canke tubatabandanije.Umuririmvyi BIG FIZZO akaba ariwe yarangije igiteramo aririmbira abaje.
           sdd.jpg
Twobamenyesha yuko imbere yuko haba final hazoba ico twokita pre-final itariki 8/09/2013 nyuma yaho hakazoca haba final itariki 14/09/2013 ariko gushika ubu ibibanza bikaba bitaramenyekana neza ariko tukazobibamenyesha vuba cane.

Comments

Popular Posts