+18ans - Ibitsina | Impamvu umugabo asinzira ahejeje gukora imibonano mpuzabitsina

Mbega umugusinzi kw'umusore mu gihe ahejej kugira imibonano  mpuzabitsina haraho vyoba bisana n'ibiba vyabaye hagati yiwe n'umukunzi wiwe? ico ni kimwe mubibazo abigeme bibaza iyo umuhungu canke umugabo aciye asinzira ahejeje gukora imibonano mpuzabitsina.

Mu bushashatsi bwakozwe bumenyesha ko ataho bisa bisana kuko biva ku mvo zitandukanye bivanye n'uko ibintu vyifashe. Imwe mu mvo zishikirizwa n'abashashatsi bamenyesha ko ari uburuhe bujanye n'uko aba yakoze cane gusumba umukobwa, ariko nkuko babandanya bavuga ngo umwigeme afise ubushobozi bwo kuguma ari maso agakora ibindi bikorwa ariko umuhungu we ngo aca asinzira vyihuse.

Uwundi mushashatsi nawe akamenyesha ko ibijanye n'uburuhe biva kuko umuhungu afise igihagararo usanga kiruta ic'umugore ngo bigatuma ibijanye n'uburuhe bitaba bimwe, ngo umuhungu usanga aruha cane gusumba Umukobwa.

Mu makuru yacu yo hanyuma tuzobashikiriza inzira zitatu zobafasha kuguma muri maso mu gihe muhejeje gukora imibonano mpuzabitsina.

Comments

Popular Posts